🤦🏾‍♂️ Baciriwe umunyororo w'imyaka ibiri n'indishi y'akababaro y'umuriyoni ku kuburabuza ibikorwa vya rusasuma y'abenegihugu. Bariyemerera ko bari baborewe 🍺 -----------------------------------------------------


⚖️ Sentare nkuru ya Makamba, mu rubanza rw'ikibiriraho, yakubise intahe mu gahanga abagabo babiri aribo Samusoni Simbarakiye hamwe na Porotazi Habonimana bo ku mutumba wa Gatabo muri Komine Kayogoro. Bakaba bakatiwe umunyororo w'imyaka ibiri, ihadabu ry'amafaranga 50.000 umw'umwe, hamwe n'indishi y'akababaro y'umuriyoni w'amafranga y'amarundi. Abo bagabo bakaba bagiriwe n'icaha co kuburabuza ibikorwa vya rusasuma y'abenegihugu, ingo, uburimyi n'ubworozi aho boba bararyagaguye uwariko akora muri iyo rusasuma.


📌 Kubw'abacamanza bashashe muri urwo rubanza, Simbarakiye na Habonimana bakoze ico caha kw'igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2024 nko kw'isaha ya kane y'igitondo, aho uwo mukozi wa rusasuma yari aherekejwe n'uwutwara imihana 10 muri ako gace Habonimana yari afisemwo akazi k'ubudandarizo (kiosque).

Icariho c'umushikirizamanza w'iyo sentare nkuru yamenyesheje ko hambavu yo kugarariza ibikorwa vya rusasuma, abo bakubiswe intahe mu gahanga boba barakomerekeje uwo mukozi wa rusasuma, gutyo bakamubuza kubandanya ibikorwa vy'iwe.

Abo bagabo bakaba baburanye bemera icaha ariko bakavuga ko bari barusomye ▶️ https://bit.ly/3xEHh6O


🤷🏾‍♂️ Nayo umushingwa manza w'ibiro vya rusasuma akaba yasavye indishi y'akababaro y'amafranga y'amarundi 1.278.250 yohabwa ivyo biro vya rusasuma. Mugihe naho ngo batoyariha, boca bapfungwa imyaka 7 n'amezi 6. Na yo abo bakubiswe intahe mu gahanga batarishe ihadabu, ngo umunyororo bakatiwe uzokwiyongerako amazi 

 🤦🏾‍♂️ Baciriwe umunyororo w'imyaka ibiri n'indishi y'akababaro y'umuriyoni ku kuburabuza ibikorwa vya rusasuma y'abenegihugu. Bariyemerera ko bari baborewe 🍺






-----------------------------------------------------


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact