Birababaje umugore yicishije agafuni mukeba wiwe

 🤒 #Kirundo: umugore muto yaraye akubise agafuni mu mutwe mukeba wiwe mukuru bapfuye amateke



🔰 Ni mu gacimbiri #Cizanye ku mutumba #Kiri, komine #Bugabira yo mu ntara ya #Kirundo aho abakenyezi babiri bari basangiye umugabo umwe (abakeba) baraye bashamiranye kuri uyu wa 08 #Ndamukiza 2024 kugera naho umwe mukuru akubitwa agafuni mu mutwe bapfuye umurima w'amateke 


 🎙️ Nsaguye Jean Christophe ari mu burongozi bwa zone #Kiyonza umutumba wa Kiri urimwo, afatiye kuri raporo yaronse, agira ati:" Intandaro ni amateke ari murima uri mw'itongo rya #Reta mu Cizanye. Aho umugabo w'abo bakenyezi babiri ari kumwe n'abandi yari asanzwe akorera ibikorwa vyo kuhabumbira amatafari n'amategura mw'ishirahamwe bise ngo #TubeHeza, mbere ivyo bikorwa bikaba bisa n'ivyahagaze, baca bahagira uturima tw'indimiro barimamwo ivyo bifashisha mu miryango. Ni ho rero abo bakenyezi bashwanira muri iyo ndimiro iteyemwo amateke umugore muto yanduruka akubita ifuni mukeba wiwe mukuru"


 📌 Eugène Nsengimana, umukuru w'umutumba wa Kiri  aremeza ko uwo muryango wari usanzwemwo amatati atari make. Ko uwo mugore mukuru yari asanzwe ari intabwa atari agitahirwa n'umugabo. Umugabo yabana n'umugore muto (inkundwakazi)


🏥  Uyo mukuru w'umutumba wa Kiri amenyesha ko uwo mukenyezi yakubiswe agafuni yaciye anyarukanwa kw'ivuriro ritoya rya #Kiri ariko yahavuye yungururizwa ku bitaro bikuru vya #Kirundo kuko yari aremvye cane. Uwakoze ico caha nawe akaba yaciye ashikirizwa inyamiramabi, akaba apfungiwe mw'ibohero rya komine Bugabira


⚕️Ciza Bernard (Bashiri Yano) umuhungu w'uwo mugore mukuru avuga ko ubuzima bw'umuvyeyi wiwe bumeza nabi, ko mbere kuva yakubitwa ifuni ataravuga n'ijambo na rimwe. Ari muri #Coma. Mbere anavuga ko ku  bitaro vyo mu Kirundo bamurungitse ku bitaro bikuru vy'i #Ngozi kuvurigwaho 


✍🏿 Mwomenya ko, nk'uko uyo mukuru w'umutumba abivuga, kuri uwo mutumba wa Kiri hamaze iminsi hibonekeza ikibazo c'ubusuma bwo mu mirima  canecane abiba ivyo baja guteka mu muryango


 🙌🏿 Umukuru w'umutumba akamenyesha ko akenshi mu mezi ya #Ntwarante na #Ndamukiza ubwo busuma buba bugwiriye kubera ubukene bwibonekeza mu miryango imwe imwe.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact