Iyo ubona sitanganyika oya nuruzi kanyosha rwataye inzira biratangaje Cane.



Bujumbura :"Abenegihugu bo muri zone Kinindo Quartier Kibenga barasaba ko OBUHA yotebukana Imachine iha inzira amazi y'uruzi Kanyosha.



Aho ni mu gihe muri iri joro rikeye uruzi Kanyosha gwataye inzira muri Quartier Kibenga ahegereye Kanyosha ruca rubandanya mu mihana y'abantu rubona guterana na Tanganyika.

Ayo mazi akaba yaduze mu mazu kuhera Ku metero irenga imwe. Abafise amazu ageretse bo bikaba vyabakundiye ko baca biyunguruza muzo hejuru.



Twobamenyeshako hari n'umwana yatwawe n'amazi kugera Ubu ikiziga kitaraboneka n'abandi batatu bakomeretse cane mbere aho rwameneye munsi y'ibarabara rya Large ibintu vyinshi vyarononekaye harimwo amabarabara.



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact