Ibidukikije:uruzi kanyosha gwaraye ruhitanye umwana n'amazu atari make mu kibenga

 Umwana w'umwaka 1 waraburiwe irengero,umuntu1 abikomerekeramwo,amazu arenga 90 arabomoka biturutse kuruzi kanyosha gwateye muri quaritier Kibenga ,zone Kinindo, komine Muha mu ntara ya Bujumbura.

Abanyagihugu bo muri ako gace bakavuga ko ayomazi yabashwayemwo igihe c'isaha indwi z'ijoro ndetse benshi muri bo baravuga ko bari muyabira kumvo zuko batagira aho bokika umusaya kubera ayo mazi,kubwivyo rero barasaba bashimitse ubufasha mumaguru masha.

Mu ntwaro baremeza neza ayo makuru bakavuga ko ugwo ruzi kanyosha gwama gwateye Abenegihugu,rugatako rukonona ibitari bike harimw n'inzira, Oscar Bizimana arongoye zone Kibenga agasaba yuko hosanugwa inkengera z'uruzi kanyosho muri ako gace kuko ivyobakoze vyose vyabomowe n'amazi kubera imvura imaze imisi igwa ari nyishi.







Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact