Muyinga abantu bane bapfuye ibitungwa nimirima birononekara bivuye kumusozi wamanyutse

 ✝️ #Muyinga : abantu 4 bapfuye,ibitungwa n'imirima biratikira bivuye ku musozi wasadutse 

Ivyo vyabereye ku mutumba wa #Kinonora zone #Butihinda muri komine #Butihinda intara ya #Muyinga mw'ijoro ryo ku wa 23 Ndamukiza 2024  bivuye ku mazi menshi y'imvura  igize iminsi igwa yatumye igice c'umusozi cururuka, ibivu n'ivyondo bihitana imihana, imirima n'ibitungwa , abantu 4(umukenyezi n'abana  3) bakaba bapfuye. 

Ibiziga 3 nivyo bimaze gutorwa ikiziga kigira 4 kikaba kitaraboneka nk'yko Gilbert Ndikumasabo musitanteri wa komine Butihinda abimenyesha 

Uwo muyobozi akavuga ko abenegihugu bakibandanya kurondera ico ikiziga nibindi vyononekaye . 

Ibitigiri vyivyononekaye bikaba bitaramenyekana  ariko abajejwe intwaro baratabariza abenegihugu kuko ivyonekaye atari bike

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact