Ugwaruruka gwakoze imbabura zikoresha umuyagankuba

 🧰 #Gitega : urwaruka rwo ku mutumba #Ntobwe, ruriko rukora imbabura zikoresha umuyagankuba canke umushwarara w'izuba  zakishwa umubire (huile de moteur)

-----------------------

📌 Uko ari 6 bahurikiye muri koperative "Terimbere #Burundi Technology", ku mutumba Ntobwe komine Gitega.

Haciye ikiringo cababa umwaka batanguye gukora imbabura zakishwa umubire (huile de moteur), waba uwarakoreshejwe canke mushasha


🎙️Nk'uko bishikirizwa na Cédric Nkurunziza arongoye iryo shirahamwe, uwo mugambi batanguye kuwushira mu ngiro mu mpera z'umwaka wa 2023 bashigikiwe n'ikigo Paeej-Burundi  inyuma yo kuba abambere mw'ihiganwa ry'imigambi ryatunganijwe n'ico kigo

🗨️ Avuga kandi ko izo mbabura zifise akarusho kuko zihisha ningoga, zigakoresha n'umuyagankuba muke ungana "Volt 12".

Ml 500 z'umubire ngo zirateka umusi wose, wakinjitse n'ibiharage


💵 Izo mbabura zigurwa amafaranga 130.000 canke 200.000 Fbu mu gihe baguhanye n'ibikoresho bikenerwa kugira ukoreshe imishwarara y'izuba, bakakuronsa n'ikiringo co kuzipima kingana n'amezi 6


👬Icipfuzo c'urwo rwaruka ngo n'uko atamuntu yoba agicanisha amakara narirya atuma ibidukikije bihungabana


👀 Ubwo ntiwobashorera ?



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact