Umugore yataye umwana wuruyoya

 👶🏾 Uruyoya rwaratowe mw'ishamba i NyanzaLac, rutawe n'uwarwibarutse 

🏥 Urwo ruyoya rwatowe n'abariko baja gukora mu ndimo kuri uyu wa 17 Ndamukiza 2024 muri zone #Mukungu, baca barunyarukana kwa muganga aho ruriko ruravurirwa ku bitaro bikuru vya Nyanza_Lac

🔍 Uwurongoye zone Mukungu amenyesha yuko bamaze kubona uwo mwana, baciye bakora amatohoza ku bakenyezi n'abigeme bose baba muri iyo zone bahora bafise inda, niko gusanga hari umwigeme bamaze iminsi batabona kandi yari yibungenze baca bamusanga ku wundi mutumba aho yimukiye ariko ya nda atayo agifise. Bamubajije yaciye yemera ko umwana ari rwiwe, ariko uwamutwaje iyo nda amaze kumwihakana, yaciye ahitamwo kumwibaruka hanyuma aja kumushira aho abahita bomubona

🤱🏾 Uwo mwana afise amagara meza, nk'uko vyemeza n'abaganga. Nyina nawe akaba yashikanywe ku bitaro kugira ngo amwonse. Ubu akaba acungerewe n'abajejwe umutekano

💬 Uwo arongoye zone Mukungu aratera akamo abigeme kuvavanura n'ingeso yo guta abo bahejeje kwibaruka ngo kuko batazi icumwana azovamwo ejo

☝🏾 Mu runani Fenadeb i #Makamba naho bamenyesha ko umwana avutse mu nzira y'ubushurashuzi agumana agaciro nk'ak'abandi bana bose, bagatera ivyatsi iyo ngendo mbi isa n'iyiriko irarwira yo guta abana

👀 Ubona hokorwa iki kugira ako kabi karanduranwe n'imizi?

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact