Umukobwa yamaze imisi ibiri bamwugaraniye mukazu ka surwumwe kukazi amarayo wekendi yose

🫣 #Bujumbura: Umwigeme yari amaze iminsi ibiri mu kazu ka surwumwe ku kazi

 Kuva kuwa gatanu, igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2024, umwigeme A.M. yinjiye mu bwiherero asiga terefone yiwe mu biro isaha icumi n'imwe z'umugoroba (17h00).

 Bugingo ashitseyo, uwo bahereranije ibiro aca arataha yibaza ko yari asigaye wenyene, arugara umuryango winjira aho hari akazu ka surwumwe n'ivyo biro arigira.



😭 Amagorwa ntasiga ayandi. Hageze ko A.M asohoka arugurura biranka kumbe umuryango wari wapfuye kandi aho ku kazi nta n'umwe atonda weekend.

📍Mu gitondo co kuri uyu wa 22 Ndamukiza 2024, mu gihe uwujejwe isuku yari ku kivi, A.M yamwumvise avuga adashikana mu nzu y'ubwiherero amagara asa n'ayamukitse.

😟 N'intuntu nyinshi yagize ati: "Naratabaje ndabura uwuntabara, umwango waranse kwuguruka, ndagerageza gusohoka biranka"

👀 Musomyi uhora wibuka terefone ugiye mu kazu ka surwumwe ❓

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact